Amahangiro y’igisata c’Ubutungane n’Amahoro

Kirundi
  • Gufasha abantu n’imigwi y’abantu kwumva amarushwa aturuka ku bukene, ku karenganyo, ku macakubiri n’ihonyangabuzima mu gihugu.
  • Gufasha abantu gutahura imvo n’imvano z’ivyo bibazo n’igituma ukwemera kwabo kubabwiriza guhaguruka bakagira ico bakoze cotuma imibano iba myiza.
  • Gufasha abantu gutunganya ibikorwa vyotuma igihugu kiba mu butungane, aho usanga hubahirijwe ingingo n’uburenganzira shimikiro biranga agateka ka zina muntu.
  • Kunoganza ivy’ukumenya inyigisho y’Ekleziya mu vy’imibano, ubutunzi na politike n’ivyo iyo nyigisho idusaba kugirira abakene, abakumirwa, abagendana ubumuga n’abacurwa bufuni na buhoro.
  • Mu yandi majambo, Igisata c’Ubutungane n’Amahoro gitegerezwa kurangura ibi bikurikira :
  • Kumenyekanisha no guteza imbere ubutungane n’ivyiza vyamuka kuri bwo.
  • Kwiyamiriza akarenganyo n’izindi nyifato zose zisatira ingingo n’uburenganzira shimikiro vya zina kiremwa muntu.
  • Guhuza abantu n’Imana n’ukunywanisha abantu hagati yabo.
  • Kwunganira ikivi c’ukwubaka igihugu kirangwamwo ubutungane buvyara amahoro.
  • Hisunzwe intumbero y’Inama y’Abepiskopi, guhuza imigambi n’ibikorwa vyiyumviriwe n’inzego z’urunani rw’Igisata c’Ubutungane n’Amahoro.

ABATERANTEGE MU BUHINGA NO MU BURYO

Twandikire

Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI

Bulding de la Coordination des Mouvements d'Action Catholique -Rue de la Mission
BP: 7074 BUJUMBURA BURUNDI
TEL: +257 24 3126
Fax: +257 24 7704
Email: cejp@cejp.bi
Site web: cejp.b

Suivez-nous sur:

Ibisata bikorerwamwo

  • Intwaro ibereye
  • Ubwiyumvanemwo mu gihugu
  • Inyigisho y’Ekleziya mu vy’imibano
  • Iterambere rirama
  • Ugukiranura kahise kababaje
  • Uburongozi
  • Ihonyangabuzima rishimikira ku gitsina
  • Ukuri n’ugusubiza hamwe
  • Indero iramurira amahoro

Urunani CEJP mu Masanamu

Back to Top