Igisata c’Ubutungane n’Amahoro, cashinzwe n’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 1999. Kubw’abo bungere, Ico gisata ni ijisho ribwirizwa kudakubita urugohe mu gihugu, turavye ibibazo bibahanze : aha twovuga nk’ikibazo c’ubutungane mu mibano, akarenganyo, ukutubahiriza uburenganzira bwa zina muntu, ukutitaho ineza ya bose, ikibazo c’intwaro rusangi, ic’ugutsimbataza amahoro n’iterambere.
Kubera ko ico gisata cishingiwe n’Ekleziya, gihamagariwe kwiyumvira nka yo no kuyiha mu bikenewe ko ifatako ingingo. Ico gisata kandi, nico Ekleziya yikorako mu butumwa bw’uguteza imbere ubutungane n’amahoro hisunzwe akarangamutima k’Inkuru Nziza y’Urukiza n’akarangamutima ngenderwako k’Inyigisho y’Ekleziya mu vy’Imibano, ubutunzi na politike.
Igisata c’Ubutungane n’Amahoro ni urwego rujejwe kwiga no kwiyumvira, rumurikiwe n’indinganizo y’ubutumwa gihabwa n’abwungere b’Ekleziya ‘i Burundi be n’Igisata c’i Roma kijejwe iterambere rya zina muntu mu mpande zose zerekeye ubuzima bwiwe.
Igisata c’Ubutungange n’Amahoro ni urunani rugizwe n’abava mu madiyoseze katolika y’i Burundi (nkuko ari 8 : Bubanza, Bujumbura, Bururi, Gitega, Muyinga, Ngozi, Rutana na Ruyigi). Urwo runani rurimwo abasaserdoti, abihebeyimana n’abalayike.
Igisata c’Ubutungane n’Amahoro gitunganijwe nkuko Ekleziya Katolika isanzwe yitunganya. Ni co gituma y’ibiro bikuru, dusanga ibisata vy’ubutungane n’amahoro ku rwego rwa diyoseze yose, rw’iparuwasi yose, ku mashure y’itabariro gushika no ku rwego rw’Imibano Rukristu.
Giciye kuri izo nzego zose, Igisata c’Ubutungane n’Amahoro kirashobora kubera impande zose z’ubuzima bw’igihugu umukabuzi w’ iterambere ryuzuye rishimikiye ku mahoro, ku butungane no ku kunywanisha abantu.
Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI
Suivez-nous sur: