Kuw’Imana igenekerezo rya 29 Myandagaro 2021 ukaba wari uw’Imana wa 22 wo mu gihe gisanzwe, niho muri Diyoseze ya Rutana hahimbazwa umusi mukuru w’ubutungane n’Amahoro ku rwego rwa Diyoseze Rutana, uwo musi wahimbrijwe muri Paroisse ya Muhweza ku civugo kigira kiti : « Tumurikiwe na Yezu Kristu umuco w’isi, tube abatumwa b’ubutungane n’amahoro muri Diyoseze ya Rutana ». Wari umusi kandi kandi muri Ekleziya yose twibuka ugupfira Imana kwa Yohani Baptista, asanzwe ari umuvunyi w’abari mu gisata c’Ubutungane n’Amahoro.
Uwo musi mukuru watangujwe n’urugendo rw’amahoro rwatanguriye ku mubano wa Rubimba wo muri Paruwase ya Muhweza rugana isengero ya Paruwase, rwugururwa n’umusaserdoti w’Uwukama Patiri Salvator MINANI umwibutsamana w’igisata c’ubutungane n’amahoro muri Diyoseze Rutana ari kumwe n’icegera c’Umwungere wa Diyoseze Rutana, abasaserdoti baje bava mu ma paroisse atandukanye yo muri Diyoseze Rutana, abihebey’Imana, abajejwe intwaro harimwo na Musitanteri wa Komine Rutovu, abari mu nzego z’umutekano, abavuzi b’ingoma ba ODECO CARITAS RUTANA, abanyamihari, abakristu isinzi baje bava muri Diyoseze ya Rutana hamwe no mu yandi madiyoseze ya Bujumbura na Ngozi ; ku rugendo hagenda harasamirana indirimbo zihayagiza ubutungane
Mu Nkuka ya Misa yaherejwe n’icegera c’Umwungere wa Diyoseze ya Rutana, yaribukije ko ubutungane nyakuri buva ku Mana ariko ibikorwa vyabwo bikagaragarira mu bantu, ati twazanywe n’ubutungane dukoranywa n’amahoro, dusaba ngo ibikorwa dukora bitsimbatare mu mitima yacu cane cane abo bose bumvise ako kamo muri Ekleziya ko boterera ngo ubutungane butsimbatare mu bantu kuko abantu ari abakene mu vy’ubutangane n’amahoro. Yaribukije ko umuntu atyoye ari umuntu adafise ubutungane. Ati ukuremesha amahoro n’ubutungane si ivyo abantu bakura mu bitabu ariko ni ingabirano iva ku Mana mu kwemeza mu bantu ingene Yezu Kristu yabayeho hano kw’isi, muri rwa rugendo tugana ubweranda. Yaribukije abari muri ico gisata c’ubutungane n’amahoro ko bokwisunga umuvunyi wabo Yohani Baptista mu kuvuga ukuri gutumbera abandi kugira babafashe guhinduka.
Na Patiri mukuru wa Paruwase ya Muhweza mw’ijambo ry’ikaze yaribukije abaraho ubutumwa burangurwa n’abari mu gisata c’ubutungane n’amahoro nk’ugutatura amatati, ugutsimbataza amahoro hamwe n’ibikorwa vy’iterambere.
Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwuserukira igisata c’ubutungane n’amahoro muri Paruwase ya Muhweza yaribukije ko iyo sabukuru ihimbajwe ku ncuro igira kane mbere agakengurukira Umwungere wa Diyoseze Rutana yashimye ko uwo musi mukuru wohimbarizwa muri iyo Paruwase, maze aributsa ibikorwa bitandukanye vyaranguwe n’abari muri ico gisata nko gutatura amatati, gutera ibiti, guca amabarabara y’imigenderanire hamwe n’ibindi. Inyuma y’Inkuka ya Misa umwibutsamana w’igisata c’ubutungane muri Diyoseze Rutana yarashikirije Ijambo abaraho yibutsa ko Yohani Baptista ari inshigwarimenetse mu vy’ubutungane n’amahoro araheza aributsa kahise k’ico gisata n’ingene ico gisata ubu gikwiye mu mpande zose z’ubuzima bw’Ekleziya aributsa n’igikorwa c’abaremeshamahoro kugira abantu batunganirizwe bose batarinze kuja mu masentare.
Uwo musi mukuru kandi waranzwe n’ugutanga imfashanyo ku boro bari batowe muri paruwase yose mbere bakaba bosozereye uwo musi mukuru biginana aho amajambo atari make yashikirijwe y’uwo musi.
Patiri Ildephonse NTIRAMPEBA
Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI
Suivez-nous sur: